Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yipfuriza umwaka mwiza w’2019 abarundi n’ababa mu Burundi

Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yipfuriza umwaka mwiza w’2019 abarundi n’ababa mu Burundi

 

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

1. Umwaka w’2018 urarangiye, uw’2019 nawo uratanguye.
Turashimiye cane Imana Mushoboravyose ku vyiza vyinshi
yadukoreye muri uyu mwaka turangije, twongera tuyisaba
kugumana natwe muri uyu mwaka mushasha dutanguye.

2. Turipfurije Abarundi bose, aho bari hose, umwaka muhire,
umwaka w’amagara meza, amahoro, umutekano,
ubutungane, iterambere n’imigisha ikomoka ku Mana.
Uzotubere umwaka wo kurushirizaho kuzirikana Igihugu
cacu, gufatana mu nda, kunywana no guca ubwenge.

3. Ni akanyamuneza kadasanzwe kubona umwaka wose uheze
impande zose z’Uburundi zirangwamwo amahoro,
umutekano n’impore. Turashimiye cane inzego z’umutekano
n’izindi nzego z’igihugu zitanga ijoro n’umurango kugira
Uburundi buramutswe Iteka n’Itekane. Ntitwokwibagira
gushimira Abarundi bose, na cane cane ya makomite
y’umutekano ahuriramwo Abarundi bose.

4. Turasubiye gushimira ibihugu n’amashirahamwe
mpuzamakungu vyama bidufata mu mugongo mu migambi
n’imigabo itandukanye, na cane cane mu kujijura abijijanya
imitima n’abajanye nyabahururu kubera ibihuha, ibinyoma
n’amarementanya bitunganywa bikongera bigakwiragizwa
n’abansi b’Uburundi.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

5. Uyu mwaka turiko turasozera wabaye umwaka mwiza cane.
Ijuru ryagenze neza, bituma umwimbu wiyongera mu bisata
vyose bigize ubuzima bw’Igihugu. Icivugo ngenderwako
tumaranye imyaka ibiri:« Tuzirikane Igihugu cacu,
tumenye iyo tuva n’iyo tuja », catubereye urumuri
rutazimiza. Tuzobandanya kucisunga mu mwaka dutanguye.

6. Akanyamuneza turimwo muri iki kiringo turiko turasozera
umwaka twongera dutangura uwundi mushasha, tugaterwa
na vyinshi:

Ivyo twakoze, ivyo twiboneye, ivyo twumvise, tutibagiye
ibimenyetso bigaragaza ko imbere ari heza cane. Reka
tubayagire bimwe mu bidutera akanyamuneza:
Ubwa mbere: Ivyiyumviro vyinshi vyiza vyavuye muri
Beneburundi vyatumye dushika kw’Ibwirizwa Shingiro
rishira imbere Ubwigenge , Iteka n’Ineza vy’Igihugu ;
Ibwirizwa Shingiro risubiza Uburundi mu Biganza vy’Imana
nk’uko vyari kera imbere y’umuzo w’abakoroni.
Ubwa kabiri: Twarahakanye icese gusubira mu ntwaro
z’igikenye, dutsimbataza ubwigenge bw’igihugu cacu
n’intwaro ya demokarasi, Abenegihugu bategura bo nyene
amatora y’Ibwirizwa Shingiro, ata mfashanyo y’abahinga,
y’uburyo canke y’ibikoresho dusavye hanze.
Ubwa gatatu: Twarasasagaje amahoro n’umutekano mu
gihugu cose, Abarundi n’abanyamahanga barishira barizana
ata nkomanzi, benewacu bari hanze y’igihugu babona
gutahuka ku bwinshi mu gihugu c’amavukiro.
Ubwa kane: Twareretse abagikekeranya ko imbuto mbi
y’amacakubiri itakimera kw’isi yacu, twima amatwi Abarundi
n’abanyamahanga bamwe bamwe bama bashaka
kuturyanisha no kuducamwo imigwi ngo badusubize
mw’ihumbi nk’uko vyabibwe n’abakoroni na ba
mpemukendamuke babo.
Ubwa gatanu: Tubicishije mu mugambi wo kuzirikana
Igihugu cacu, twarafashije Abarundi kumenya
gutandukanya icatsi n’ururo, kumenya amabanga
n’amateka y’Igihugu cacu no kwitwararika gusiga iragi ryiza.
Uwo mugambi tuzowubandanya ku neza y’Abarundi,
abariho n’abataravuka.
Ubwa gatandatu: Twarabandanije kwegeranya uburyo
n’ibindi bikenewe vyo gutegura amatora yo mu mwaka
w’2020, kandi uwo mugambi witabwa n’Abenegihugu
benshi, babinezererewe kandi ata gahato. Turabashimiye ko
mwitavye ako kamo twabateye ko kwitunganiriza ubwacu
amatora ata munyamahanga agiyemwo.

Ubw’indwi: Twariteguriye umugambi nyamukuru
w’iterambere w’imyaka cumi (2018-2027) tuzokwisunga
mu gutegura iyindi migambi y’iterambere.
Ubw’umunani: Twararonse umwimbu mwinshi, twongera
twigira inama yo kuwubungabunga no gusabikanya
umusesekara na benewacu bafise amikoro make.
Ubw’icenda :Twarakingiye itunga ry’Igihugu, na cane cane
ubutare n’ibiterwa njabukamazi. Iyo ni intango nshasha
izodushikana ku kwikukira nyakuri, twigabe twongere
twigaburire.
Ubw’icumi : Twaratunganije Umugambi wo gushigikirana,
mbere n’umusi wahariwe ico gikorwa ciza urashirwaho
biciye mw’Itegeko. Dusavye Abarundi gukomeza Umugenzo
mwiza wo gushigikirana, ntikibe igikorwa c’umusi umwe,
ahubwo kibe igikorwa ca misi yose.
Ubw’icumi na rimwe: Twarabandanije guterera agacumu
k’ubumwe mu kugarukana amahoro mu makungu, no
kurwanya ibikorwa vy’imirwi yitwaza iterabwoba.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

7. Tubivuge tubisubire, ivyaranguwe vyose tubikesha Imana
Mushoboravyose, n’umutekano wabungabunzwe n’Abarundi
bose cane cane inzego zijejwe umutekano, izijejwe ukwivuna
abansi, n’izijejwe igendereza. Umutekano ni wo mushinge,
ni wo nkingi, ni wo nkizo y’Iteka n’Iterambere mu Burundi
no kw’isi yose. Reka tubacire ku mayange ivyaranguwe, ido
n’ido abashikiranganji bazoja barabibashikiriza.

8. Duhereye ku gisata c’umutekano, uno mwaka waranzwe
n’umutekano ushimishije mu gihugu cose. Ariko nta vyera
de, hari akagwi kitwaje ibirwanisho kagandaguye abantu 26,
abandi 7 barakomereka mu Ruhagarika, komine Buganda,
intara ya Cibitoke. Bamwe muri izo nkozi z’ikibi ubu bari mu
minwe y’ubutungane. Abakoze iryo bara bariyemereye ko
ryateguriwe mu Rwanda, ko ababatumye bari mu Rwanda,
kandi ko baje bava mu Rwanda.

9. Haribonekeje kandi ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho bicira
umuriro; ubwicanyi ahanini bufatiye ku matati y’amatongo
hamwe no kwitana abarozi; haribonekeje abahingura,
abadandaza n’abanywa ibiyayuramutwe n’inzoga zitemewe
n’amategeko, ari navyo ahanini bitera uruhagarara mu
miryango no mu kibano. Abo bose bagiye barafatwa kandi
barahanwa hisunzwe amategeko uko bukeye uko bwije.

10. Ivyo vyatumye hasakwa henshi mu gihugu cose, hafatwa
inkoho 123, amasasu 16.095 n’ibikono vy’amasasu 127,
ibisasu ntezwantoke 446 n’ibisasu bitezwa ibirwanisho 27,
amamine 8 n’ibindi bikoresho vyinshi vy’igisirikare
n’igipolisi, harafatwa kandi haraseswa n’amaritiro menshi
y’ibinyobwa bitemewe n’amategeko.

11. Mu bijanye na poritike, ibiganiro hagati ya Reta
n’imigambwe yemewe n’amategeko vyaratunganijwe,
mbere barumvikana no ku rupapuro rw’inzira rw’amatora
twimirije mu mwaka w’2020.

12. Twarakiriye impunzi zitahuka zishika 58.262 zivuye muri
Tanzaniya, Kongo, Kenya, Ubuganda na Gabon, n’impunzi
zitahuka zidafashijwe na HCR zishika 200.000, tutibagiye
Abarundi bababa ibihumbi mirongo itatu birukanywe
igikubikubi na Reta y’Urwanda, bagatandukanywa n’abo
bubakanye n’uruvyaro rwabo, mbere bagasahurwa ivyabo
urukombamazi.

13. Ikindi gikorwa gihambaye kwabaye ugukura akajagari kari
mu mashirahamwe mpuzamakungu n’amashirahamwe
yigenga yo mu Burundi akorera mu Burundi, kugira bakore
bemewe kandi bisunze amategeko y’Igihugu cacu.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

14. Kubera umutekano uboneka ahari ubutungane nyabwo,
mu gutsimbataza ubutungane kuri bose, harashizwe mu
ngiro imanza zaciwe zishika 33.500, ba ntahonikora bashika
1.500 barafashijwe mu kuronswa abashingwamanza ataco
barishe.

15. Kugira Abenegihugu bashikire Sentare vyoroshe kandi
imanza ntizidindire, harashinzwe Sentare nkuru zisubiramwo
imanza mu ntara ya Makamba no mu makomine ya
Ntahangwa na Muha ari mu gisagara ca Bujumbura na
Parake Nkuru zizikukira.

16. Mu bijanye no kuburanira n’uguharanira inyungu za Reta,
Ubushikiranganji bw’Ubutungane bwarinjije mu kigega ca
Reta imiriyaridi 6 z’amahera y’amarundi.

17. Biciye muri Sentare ica imanza za Reta na Sentare
idasanzwe ica imanza z’amatongo n’ayandi matungo,
haragarujwe amatongo ashika hegitari 4.707 yari
yigaruriwe n’abantu, ayo nayo akaba afise igiciro kingana
imiriyaridi 280 z’amahera y’amarundi.

18. Mu ntumbero yo gutsimbataza ubutungane mpanavyaha
bwubahiriza agateka ka zina muntu, abanyororo 2.750
bararekuwe hakwirikijwe itegeko ry’Umukuru w’Igihugu,
abandi 1.300 baragabanirizwa igihano.

19. Dusavye cane cane abajejwe ubutungane, abajejwe
umutekano, n’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka
zina muntu kurushiriza gukora neza, maze Abarundi bumve
ko baba mu gihugu gifise amateka n’amategeko, ko bafise
uwo bashobora kwitura akabatunganiriza, kandi ko agateka
kabo kubahirijwe.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

20. Ba sokuru barayamaze ngo: « Hakora mu nda »,
barongera bati : « Mu nda harara inzara hakazinduka
inzigo ». Ni muri iyo ntumbero twashize imbere kugwiza
umwimbu, haratangwa amatoni arenga 50.000 y’umwavu
uciye mu mahinguriro, n’itoni zirenga 10.000 z’ishwagara.

21. Vyongeye twarahimirije kurima tuvomera muci, ivyo vyose
vyatumye umwimbu wiyongera cane mu ntara zose, ibiciro
vy’ibiribwa navyo biragabanuka. Tuboneyeho gushima
ibikorwa bifise igiciro kingana Imiriyaridi 18 z’amahera
y’amarundi, vyaranguwe n’abanyeshure mu gihe c’uburuko.

22. Ibikorwa vyo guteza imbere ubworozi bw’ibitungwa
vyararanguwe. Haratanzwe inka zirenga 1.500, impene
zababa 5.000, ingurube zirenga 1.500, nayo intama
n’impene zishika 3.000.000 zaracandazwe zirakingirwa
ingwara y’akaranda.

23. Harakozwe ibikorwa vyo guhimiriza no guteza imbere
ibiterwa njabukamazi vy’ikawa n’icayi, bituma umwimbu
wiyongera tuwugereranije n’uwo mu mwaka w’2017.

24. Harakozwe ibikorwa vyo guharanira inyungu z’abarimyi na
Reta, gutyo ibice 98% vy’abarimyi b’ikawa bakaba
bararonkejwe agahembo kabo. Kuva ubu dusavye ko
abarimyi boronswa agahembo ku gihe kuko ni uburenganzira
bwabo, hafatwe n’ingingo zibereye kugira ico gisata
kivanwemwo abatabishoboye, nayo abanyonyeza
abenegihugu babihanirwe kandi bakumirwe muri ico gisata.

25. Mu gisata c’ubutunzi, umwimbu ubandanya wiyongera uko
umwaka utashe. Amahera imiriyaridi 792 y’amarundi ni yo
yari yitewze muri uyu mwaka, ariko hegeranijwe ayababa
imiriyaridi 850 y’amahera y’amarundi. Ni ukuvuga ko
hiyongereye ayarenga ibice 10% ugereranije n’ayinjiye mu
mwaka w’2017. Turashimiye abakozi bo mu kigo kijejwe
kwegeranya amatagisi n’amakori ku mwete bama bagira mu
kurangura imirimo yabo, n’aho hakiriho bake muri bo
babateza urubwa.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

26. Ubwo buryo butororokanywa ni bwo budufasha kurangura
imigambi ikomakomeye y’Igihugu mu bisata vyose,
guhemba abakozi ba Reta no gusahiriza abenegihugu, kugira
ngo boroherwe mu kwivuza, kurwiza umwimbu, kwigisha
abana, kwiyunguruza n’ibindi.

27. Muri ico kigabane c’ibikorwa bisaba uburyo bwinshi,
amabarabara ya kaburimbo yorosha uruja n’uruza rw’abantu
n’ibintu mu gisagara ca Gitega, n’ibimenyetso vy’amatara
vyorosha uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura
vyarubatswe, ibarabara Bujumbura-Nyamitanga naryo
ririko rirasozerwa.

28. Mu mwaka dutanguye, ibikorwa vyo kwubaka
amabarabara Kibumbu-Gitega, Bujumbura-Gatumba,

Bururi-Gakuba, Nyanzarake-Rumonge na Rumonge-
Gitaza bizotangura. Iruhande y’ayo mabarabara, Ikivuko

ca Bujumbura kizokwagurwa.

29. Turakeje Ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu,
ubujejwe Uburimyi n’Ubworozi, hamwe n’Ubushikiranganji
bujejwe Ibikorwa vya Reta ku bikorwa vyinshi vyiza
bwaranguye.

30. Turararitse Abenegihugu bose ngo barushirizeho
gucungera itunga rusangi no kubungabunga inyubako
rusangi. Turasavye kandi ko umugambi w’igihugu wa
kabiri(II) wo kurwanya igiturire n’ayandi mabi
agikomokako uriko urategurwa worangira, kugira turonke
amategeko atomoye kandi ajanye n’igihe tugezemwo.

31. Mu kurindira uwo mugambi, dusavye umuntu wese
yasahuye Igihugu mu buryo ubwo aribwo bwose gusubiza
ivyo yasahuye. Dusavye inzego zose zijejwe gukingira
ubutunzi bw’Igihugu kurushirizaho guhasha ba kaboko.
Turasavye dushimitse ko icegeranyo ntabanduka c’ingene
imiduga ya Reta yatanzwe hisunzwe poritike nshasha yo
kwunguruza abakozi ba Reta cotangwa mu kiringo kitarenze
amezi atatu.

32. Twese dusabwe kugira urunani, turwanye igiturire
n’urudandazwa rwo mu kinywabi, kandi ducungere itunga
rusangi nk’iryacu. Aho niho tuzoshobora kwegeranya uburyo
bukenewe kugira turonke amabarabara, umuyagankuba,
amazi meza, amashure, amavuriro, ibitaro, ibibuga;
kwigisha ku buntu abana bo mu mashure y’intango, kuvura
ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi
bibungenze n’abibarukira mu bitaro n’amavuriro vya Reta;
guha ingurane abanyeshure bo mu ma Kaminuza ya Reta,
n’ibindi.

33. Mwibuke kandi ko ata handi twikora atari ku buryo bwacu
mu gukinga no gutegekaniriza kazoza Abenegihugu, kuvuza
ba ntahonikora no gushigikirana biciye mu migambi nka
“MERANKABANDI”, n’iyindi, tutibagiye kugarukira ku
benegihugu bahuye n’ibiza n’ivyago bitandukanye.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

34. Muri uyu mwaka dutanguye, tuzobandaniriza kw’isemo
tugezeko, maze dukutse ikivi.
Ubwa mbere: Tuzobandanya gutsimbataza amahoro
n’umutekano mu gihugu no ku mbibe z’igihugu no
kwubahiriza ukwikukira kw’Uburundi.
Ubwa kabiri: Ibikorwa vyo kwitegurira amatora y’2020
bijanye no kwegeranya uburyo n’ibikoresho bizobandanya.
Ubwa gatatu: Tuzohimiriza Abenegihugu twongera
tubigisha gushira mu ngiro umugambi mushasha
w’iterambere w’imyaka 10.
Ubwa kane: Tuzonagura umugambi w’Ibikorwa rusangi,
turwize inyubakwa rusangi: amashure, amavuriro, ibitaro,
amasoko, ibigwati, ibibuga vy’inkino, amazi ya rusengo,
imikobeko, amabarabara y’imigenderanire, isuku, kwubakira
abatishoboye, ibiro vy’indongozi mu ntwaro, n’ibindi.
Ubwa gatanu: Umugambi wo kuvura ku buntu abana bari
munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze
n’abibarukira mu bitaro rya Reta uzobandanya.
Ubwa gatandatu: Kugira duhangane n’ihindagurika
ry’ibihe, tuzobandanya gukingira ibidukikije duciye muri wa
mugambi w’igihugu,«EWE BURUNDI URAMBAYE».
Ubw’indwi: Tuzobandanya kwubaka ingomero
z’umuyagankuba no gukwiragiza amazi meza mu gihugu.
Ubw’umunani: Tuzokomeza imigenderanire myiza n’ibindi
bihugu, turwize abagenzi b’ukuri dufashanya twubahana.
Ubw’icenda: Tuzobandanya gukingira itunga rusangi na
cane cane ubutare n’ibiterwa njabukamazi.
Ubw’icumi: Tuzobandanya gufata ingingo zubahiriza
agateka ka zina muntu, twubahirize amategeko kandi
duhane abayahonyanga.

Ubw’icumi na rimwe: Tugiye guhagurukira ikibazo
c’irwirirana ry’abantu. Ni muri iyo ntumbero dusavye
Ubushikiranganji bujejwe gutunganya ibisagara, guhagarika
ibikorwa vyo gutunganya ibibanza bishasha vy’uburaro mu
gisagara ca Bujumbura n’imicungararo yaco.
Ubw’icumi na kabiri: Tuzokorana n’amashirahamwe afise
uburyo n’ubuhinga bugaragara, hubakwe amazu
agerekeranye, tuyaronse Abenegihugu bayarihe bukebuke
bayabamwo. Gutyo tuzoba dutoreye umuti urama ikibazo
c’ubukene bw’uburaro n’amatongo.
Ubw’icumi na gatatu: Tuzokingira twivuye inyuma Imico
n’Imigenzo vy’Abarundi, twamirire kure inyigisho, imvugo,
inyifato n’ibikorwa ivyo arivyo vyose bitosekaza akaranga
n’akarangamutima vy’Abarundi.
Igikorwa co kwandika ingo hisunzwe amategeko kigeze ku
bice birenga 90% kiretse mu ntara ya Rumonge.
Turashimishwa n’iyo ntambwe. Tuzobandanya ico gikorwa
twongere tugisozere muri uyu mwaka w’2019. Ivyo tubikora
ku neza y’ingo n’imiryango, kwubahiriza imico n’imigenzo
vy’Abarundi, tutibagiye umutekano mu ngo no mu gihugu
cose ubu no muri kazoza. Twipfuza ko umwaka w’2019
worangira abana bose mu Burundi bafise ba se b’ukuri
bitirirwa, kuko umwana n’aho yoba impfuvyi akomoka ku
bavyeyi babiri.
Ubw’icumi na kane: Tuzoshishikara gusahiriza amakomine
mu migambi izamura ubutunzi bwayo mu kuronsa ikomine
yose amahera imiriyoni amajana atanu ku mwaka.
Ubw’icumi na gatanu: Tuzoronsa inyigisho zidasanzwe
hamwe n’ibikoresho abajejwe Umutekano no kwivuna abansi
kugira barushirizeho guhangana n’ibibazo ivyo arivyo vyose.
Ubw’icumi na gatandatu: Tuzobandanya Umugambi wo
kuzirikana Igihugu, dufashe Abarundi kumenya ukuri no
guca ubwenge.

Ubw’icumi n’indwi: Kuva mu mwaka w’2019, Umurongozi
wese mu gisata ajejwe, azotegerezwa kwerekana ingaruka
nziza zikomoka ku ngingo zifatwa ku neza y’Abenegihugu

n’Igihugu ubu no muri kazoza. Ni yo nzira irashe yo
gukomeza kuzirikana no gukunda Igihugu mu buzima
bw’igihugu n’abenegihugu, na cane cane indongozi.
Ubw’icumi n’umunani: Mu mwaka w’2019, Umurwa
mukuru wa poritike uzoja ku murwa mukuru w’Intara ya
Gitega, kandi Ubushikiranganji bumwe bumwe bugiye
kwimurirwa mu ntara ya Gitega.
Eka n’Imirwi y’Igihugu harimwo uwujejwe amatora,
uwujejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo, uwujejwe
gushira ahabona ukuri no kunywanisha Abarundi, n’iyindi
mirwi izokwimurirwa i Gitega no mu zindi ntara z’Uburundi.
Ubw’icumi n’icenda: Kuva mu mwaka w’2019, Inama
y’Abashikiranganji izokwama ikoranira mu ntara ya Gitega,
kandi n’Umukuru w’Igihugu azotorwa mu mwaka w’2020
azorahirira imbere y’Abenegihugu mu ntara ya Gitega.
Ubwa mirongo ibiri: Tubicishije muri ca kigega co gutera
intege no gutanga ingwati, turategekanya kuronsa
Imiriyaridi zitatu z’amahera y’amarundi Urwaruka
ruhurikiye mu makoperative. Ayo mahera azotangwa
nk’ingurane ku nyungu zitavuna, kandi azokwongerezwa mu
myaka iri imbere. Iyo ni inzira irashe yo kurwanya
ubushomeri no kwongereza igitigiri c’abatangakori.
Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

35.Kugira dushitse ihangiro twiyemeje, duhamagariwe
gukamisha inyigisho zo kuzirikana Igihugu. Tubandanye
urugendo rudushikana kw’iterambere rirama tutazimagirika.
Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye, iyo tuva n’iyo tuja.

36. Nkuko twama tubikora kandi benshi bakaba barumvise
akamo twabateye, turasubiriye guhamagarira impunzi zikiri
hanze y’igihugu ngo zitahuke.
Turazi ko hariho bamwe muri bo bakiboshwe nk’inyagano;
turazi ko abandi bahenzwe canke bihenze. «Ikibi ntikizira
kuba kizira gusubira, kandi ikibi si ukugwa, ni ukugwa
ntuvyuke».

37. Twipfuza ko Abarundi bose bakiri hanze bipfuza gutahuka
botahuka muri uyu mwaka w’2019 dutanguye, kandi nkuko
vyama bigenda, tuzobakirana iteka twama twakirana
abahungutse bose.

38. Uyu mwaka w’2019 n’ube umwaka w’ihūngūka, amahoro
n’umutekano mu Burundi ntibikiri agaseseshwarumuri.
Tuboneyeho gusaba ibihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi,
n’ishirahamwe HCR ngo bumve nabo nyene aka kamo
duteye abacu, borohereze abipfuza gutahuka.Turashimiye
cane abamaze kubikora.

39. Dusavye Abarundi kwima amatwi ba sesankuyoze bakunda
kwibonekeza mu bihe nk’ibi Igihugu kiba cimirije amatora.
Mureme, muremeshe abandi kandi mugume ku kivi.
Ibisigaye Imana y’Uburundi izovyikorera.
Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi;

40. Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu
gihugu, twisunze Ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro,
turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga
itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana
ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri
c’ikiringo bakatiwe, n’abandi; bose hisunzwe uburemere
bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

41. Mu gusozera, Turasubiye kubashimira mwese ingene mu
budasa bwanyu muguma mushigikiye ubwigenge bwanyu
n’ubw’Igihugu mufatanye mu nda, muteramira umutekano
w’aho mubaye ijoro n’umurango. Mwame mwibuka ko
abansi b’Uburundi badasinziriye, na cane cane muri iki gihe
c’imisi mikuru ya Noweri n’Umwaka Mushasha.

42. Turasubiriye kwipfuriza Abarundi mwese aho muri hose
umwaka mushasha mwiza w’2019, uze ubabere umwaka
w’amata n’ubuki, umwaka wo gusagwa n’urweze n’amahoro
meza. Muwuhimbaze mudasesagura kuko:«Inda uyibwira
ico wayirarije ntuyibwira ico wayihaye». Tugire urunani

rw’intamenwa, «Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo
tuva n’iyo tuja».

43. Turatangarije Abarundi ko mu mwaka w’2019 Imana igiye
guserura vyinshi bitari bwaboneke mu Burundi. Umwaka
w’2019 tuwitezemwo Amateka mashasha, no kwakira
Ingabire z’Imana zidasanzwe mu Barundi, twongere
tuzivomere, tuzivugutire, maze zitubere isoko ry’imigisha
n’iterambere bivuye ku Mana Mushoboravyose, kandi
twemere gukorana nayo.

Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi.
Imana ihe umugisha Uburundi n’Abarundi.
Imana izigame Uburundi n’Abarundi.
Imana imurikishirize Inyonga zayo Uburundi
n’Abarundi.
Imana igirire neza Uburundi n’Abarundi.
Imana irabe ryiza Uburundi n’Abarundi.
Amahoro y’Imana abe mu Burundi no mu Barundi.
Izina ry’Imana Mushoboravyose ryame mu Burundi no mu
Barundi.
Abarundi n’Uburundi mwakire kurenganurwa
n’ugushumbushwa n’Imana.
Uburundi n’Abarundi musesekarizwe Amasezerano
mashasha y’umunezero bivuye ku Mana Mushobora
vyose.
Imana mushobora vyose isambure imigabo n’imigambi
mibi yose y’umwansi w’Uburundi n’Abarundi aho ari hose.

Murakoze!

Partager cet article
Repost0
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :