21 Ruhuhuma- Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Ururimi Kavukire

21 Ruhuhuma- Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Ururimi Kavukire

Buri tariki 21 ruhuhuma ni Umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Kuri twebwe rero, ni umunsi mukuru uhambaye, duha agaciro gakomeye.

Tukaba dushaka kandi twiyemeje guha agaciro ururimi rwacu rw’ Ikirundi: isôko y’ubumwe n’iterambere vy’ Abarundi n’Uburundi.

Dr Laurent Niyonkuru yanditse Tuvuge Ikirundi avuga ati” Umuco dusangiye uraturanga, Ururimi rwacu rukaduhuza”.

Ariko rero uwu munsi mukuru ubaye mu gihe ikirundi kiriko kirasubira inyuma bimwe biboneka. Na canecane mu rwaruka no mu bana bakurira mu mahanga, kenshi kumvo zitabavuyeko.

Tukaba dushaka gutera akamo abavyeyi n’ abashinzwe uburezi guha Ururimi rwacu ikibanza n’ umwanya bikwiye.

Mu minsi iza tugiye gutegura ihiganwa ry’abaririmba mu Kirundi: uwuzoririmba ururirimbo ruhayagiza ikirundi akarusha abandi twemeye kuzomuha agashimwe.

Tukarangiriza kukaririmbo kubahiriza Igihugu cacu ” Ewe Burundi ngira ndakuririmbe”

RBI, 22 février 2019

Partager cet article
Repost0
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :