Y aurait-il eu tentative de putsch en date du 25 mai 2018 au CNARED (témoignage)

INGORANE ZIMAZE IMISI MURI CNARED ZATEWE N’IKI ?

Maze iminsi nkwirikirana ivyandikwa hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi ku bijanye n’ingorane ziri mu runani CANRED-GIRITEKA. Havuzwe vyinshi cane, ndaraaaba mbona ntamuntu n’umwe ariko arabeshuza ibinyoma biriko birakwira isi yose, none nagira mvuge aho ukuri kuri.  

Inyandiko zimaze imisi zica ku mbuga  ngurukanabumenyi zakozwe n’umurwi ugomba gufata CNARED nk'inkizo canke igikoresho cawo ukoresheje inguvu, ububeshi n'uburyarya. Uwo murwi urongowe na Alexis Sinduhije arongoye MSD afatanije na Karori Nditije yahoze arongoye Uprona.

Muti kuki abo bantu bagomba gufata CNARED ku gikenye?

Sinduhije yibaza ko kurongora CNARED vyotuma abantu bavuga bati naho afise ibibazo ntaho tumuca dutegerezwa kuvugana tukamuhebera! NDITIJE nawe  ati CNARED yarananiye kurongora ati sijewe narananjwe reka nanize abandi,  ati kandi ijambo natswe muri UPRONA mvuze iryo nshaka mu runani bonyumviriza.

Abarundi bariboneye uko NDITIJE yarwanije ikiyago cabereye i Nairobi, cahuza   abatavugarumwe na Reta ya Nkurunziza bo mu gihugu hagati n’abo hanze ; mwarabonye kandi ko Ntitije yarwanije bimwe bikomeye ihuriro ry’abarundi bose batavuga rumwe na Reta ya Nkurunziza (Forum Citoyen)  ryabereye i Leuven mu Bubirigi mu kwezi kwa kabiri k’uno mwaka! Ibi vyose akabikora bizwi neza ko ibindi bihangange bigize umugambwe UPRONA batavyumva kumwe.

Twagomba tugireko dukebura abarundi: bamenye ko niyo baba bashaka kwogorora, ntibaririre gutwarwa  n’uwo bakunda w’igito canke ataco ashoboye, baririre kandi bemere gutwarwa n’ababishoboye.

Hamaze imisi handikwa ibintu vyinshi birtyoza uburongozi bwa CNARED, ivyo bintu bikaba vyandikwa n’umurwi urongowe n’abo bantu babiri.

Abatari bake birabagora gutegera icabahuje uyu munsi kuko nka Sinduhije yari yataye CNARED ariruka igihe NDITIJE yashikira uburongozi bwayo biciye mu matora yaranzwe mbere n’utunenge nko gukoresha amajwi y’abari baherutse kuva muri CNARED baritahira kwa Nkurunziza. Habaye abagabo kugira MSD igaruke muri CNARED.

Kuri izo nyandiko rero, zaba izandikwa n’uwitwa Jérémie Minani canke n’abativuga, twagomba gutanga insiguro zikurikira :

1.  Inama y’urwego rukuru rwa CNARED (Directoire) yabaye kuri 25-27/05/2018.

Mu ntumbero yo guhindura amategeko agenga urunani CNARED kugira ngo rufate iyindi ntumbero y’urugamba rwo kugwanira ubwigenge bw’abarundi na Demokarasi, abagize urwego rukuru rwa CNARED barumvikanye ko bohindura amategeko, mbere baranashiraho n’umurwi  (Commission) ushinzwe gutegura ihindurwa ryayo.

Inama yo kuwa 25,26 na 27 rusama yari iyo gushikiriza integuro y’ihindurwa ry’ayo mategeko, urwego rukuru (Directoire) rukagira ico ruyivuzeko.

Inama igeze hagati, impari zabaye ku gitigiri c’abagize ugwego nyobozi (Présidence)  bamwe ngo batatu ni ukuvuga: Umukuru w’urunani,  Icegera c’umukuru w’Urunani n’Umunyamabanga mukuru = Président, Vice-Président et Secrétaire Général)  hisunzwe intumbero nshasha. Abandi nabo bati batanu twisunze akarangamutima k’amasezerano yatereweko igikumu Arusha mu 2000 ni ukuvuga: Umukuru w’Urunani, Icegera ca mbere, icegera ca kabiri, Umunyamabanga mukuru n’umuvugizi = Président, 1er Vice-Président, 2ème Vice-président, Secrétaire   Général et Porte-parole).  Abafise iyindi ntumbero baciye bavuga bati turiko duta umwanya kandi dutegerezwa gutaha duhinduye inzego. Abagize inzego nabo bati ikiringo twatorewe ntikirahera kandi icihutigwa si inzego ni ibikorwa .

Zuguru zuguru ibaye ndanse Dr Yohani Minani afadikanije n’abo basangiye kurongora urunani ndetse bamaze akanya bakebukana basavye ko inama yoba irahagaze kugira abantu batekane ntibabandanye gukora imitwe ishushe.

Ntakintu cerekeye amatora cigeze kivugwa kuko vyose vyahagaze inama ikiriko irihweza ingingo zigize intumbero nshasha CNARED igiye kugenderako.

a. Inama imaze guhagarara vyagenze gute ?

Inama imaze guhagarara, abari mu murwi wa Sinduhije/Nditije baciye baja kuvuganira munsi y’igiti. Bagarutse mu ngoro y’ikoraniro bavuga bati “ Dufashe ingingo zikwirikira”: (ntituzivuga zose)

- Ibikorwa birabandanya;
- Ivyo guhindura inzego uno musi turabivuyeko;
- Mu kiringo kitarenga ukwezi hazoba amatora y’inzego nshasha;
- Kuva uno musi urwego nyobozi rwa CNARED ntirufise ububasha bwo gufata ingingo n’imwe;
- N’ibindi....

Babishikirije urwego nyobozi rwa CNARED, narwo ruti, mbega muhejeje kugira “putsch”? Ko ikiringo c’uru rwego gisigaje amezi atatu, ingingo yarenzwe yotuma hafatwa izo ngingo n’iyahe?
Uwitwa Jérémie Minani arinamura ati, “ntitubasavye kwisigura, ingingo zamazwe gufatwa ni ntabanduka! ” Abo bari kumwe bose bati n’ivyo nyene!

Niho abagize urwego nyobozi baca bahaguruka bakagenda, kugira ntihave hagira n’uwugira uko ishavu rigize.

b. Kurenga amategeko nkana !

Mu gihe inama yatumweko n’urwego nyobozi ihagaze, abagize urwego rukuru (Directoire) barashobora gutumako inama. Bibasaba ko ica kabiri c’abagize urwo rwego babisaba. Muri ico gihe, iyo nama yabereye munsi y’igiti irimwo abari muri urwo rwego 12 gusa kuri 30 barugize, ntibari barekuriwe kugira inama. Barenganye itegeko rigenga urunani CNARED. Mu nyuma bararonse ivyemezo vy’abandi babiri batari bahari, baba 14, ariko bagumye badakwije igitigiri co kugira inama.

Mu gufata ingingo, amategeko yo muri CNARED avuga ko ari ibice bitatu kuri bitanu (3/5) vy’abagize urweko rukuru bafata ingingo. Ni ukuvuga 18 kuri 30.

Abo baje bihagararako  ngo “Twafashe ingingo” ni 14 kuri 30, aha rero twashizemwo na babiri bavuga ko babarungikiye ubutumwa bwo kubashigikira mugabo batari bahari.

Birateye isoni rero kandi birababaje kubona abantu bagwanira kwubahiriza amabwirizwa n’amasezerano y’abarundi, bubahuka bakarenga amategeko agenda urunani barimwo, bakubahuka bakavuga ko bari bafise uburenganzira bwo gufata ingingo.

Ikindi naco ni uko mu gihe urunani ruhindutse rukaba rushasha, rugahindura izina, rukagira n’amategeko mashasha; abafata ingingo yo kuruhindura ari ibice bitatu kuri bine (3/4) vy’abagize urwego rukuru rw’ugo rurani. Ni ukuvga abantu 23 kuri 30 barugize.  Abavuga ko bafashe ingingo yo kuruhindura ni 12 bari bahari na babiri bari babashigikiye batari bahari, bose 14.

None ivyo bintu ni  ibiki?

Hari urwandiko rwakwiragijwe n’uwitwa Jérémie Minani kandi yiyita ko yize amategeko, ruvuga ko abafashe ingingo bari mu kuri, ngo kandi noneho ngo abagize urwego rukuru ngo ni  21, eh mama ngo 14 kuri 21 barakwiye gufata ingingo.... iryo ni iterasoni rikomeye ku muntu yiyita ko yize amategeko. Ndayicariye yaribeshe, uwu we aje ari gahebuza mu gukwiragiza ibitigiri vy’ibinyoma! Ivyo biharuro nyene, baciye babicisha kw’iradiyo ya CANRED (Radio Giriteka ijwi ry’abarundi) no ku rubuga ngurukanabumnyi rwa CNARED nyene (www.cnared.info) kugira ngo ivyo binyoma bavyemeze abarundi n’amakungu.
 

2. Gufata uborongozi bwa CNARED ku gikenye "putsch"

Ivyerekana ko umurwi urongowe na Sinduhije/Nditije wari ufise intumbero yo gufata uburongozi bwa CNARED ku gikenye :

1. Amajambo ya mbere yavuzwe imbere y'uko uwurongoye CNARED asaba urwego nyobozi guhagarika inama, ni aya :"Dutegerezwa kugenda tubakuye". Uko gutegerezwa gukura inzego zihari kandi zigisigaje ikiringo c’amezi  atatu, vyarumvikanye neza ko hari umugambi ntabanduka wo guhindura inzego vyankabikunda wari wateguwe. Uko inama yaciye ihagarara twabivuze!

2. Ikindi cerekana ko uwo murwi udashira imbere umwumvikano,  ushira imbere  igikenye, binaniranye ko bakura inzego za CNARED ku musi wa 26 rusama 2018,  baciye bafata iradiyo ya CNARED (Radio Giriteka ijwi ry‘abarundi)  n'ikimenyeshamakuru gikuru ca CNARED ( www.canared.info ) babitwara ku nguvu kubivugirako no kuvyandikako ivyo bashaka. Iyi ngendo irerekana neeeza ko uwo murwi wari ufise intumbero yo  gufata uburongozi ku nguvu bidaciye mu nama n'ingingo. Igihe cose habaye "putsch", icambere gifatwa n’iradiyo ibindi bigafatwa mu nyuma.

Ariko naho iradiyo na Site vya CNARED vyafashwe n’umurwi w’abagumutsi, inzego za CNARED ziracari ku kivi! Imisi yatanzwe ngo ubwo burongozi  buzobe bwafashwe ku gikenye izohera kuri 29 z’uku kwezi kwa gatandatu.

Abarundi babe baramenya ko niyo hasohoka itangazo ryo guhindura inzego za CANARED imbere y’itariki 28/08/2018 hazoba habaye "putsch", kandi CNARED izoba isambutse.
Hari inyandiko zivuga ngo Dr Minani agira akore CNARED-Nyakuri! Mbega, uwuzoba yihaye uburongozi ku gikenye "putsch", n’uwuzoba agitwara CNARED akwirikije amategeko kuko ikiringo ciwe kizoba kitarahera; muri abo babiri uwuzoba agize Nyakuri azoba ari nde?

3. None CNARED yoba igiye kucikamwo imirwi ibiri ?

Ahari abagabo ntihagwa ibara! Hari abahanuzi bari muri vyo, twibaza ko abo  bitwaje igikenye bazokwisubirako, ariko bishitse ntibisubireko nta mutsi uzoba wishe ibere, abumva ibintu co kimwe bazoja hamwe bashire inguvu hamwe, aho gutegana imyereka hagati yabo,  bazoyitumbereza bose ku ntwaro y'agacinyizo ya Petero Nkurunziza, Uburundi bwogorore.

Vyanditswe n’uwakwirikiranye inama y’Urwego rukuru rwa CNARED yabaye kuva kuri 25 gushika 27 rusama 2018 mu Bubiligi.

 

Partager cet article
Repost0
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :